dimanche 26 juin 2016

Les mensonges du "premier des frondeurs" lors de la conférence de Bruxelles mise à nue

MBEGA ABA FRONDEURS NI BA NDE MU VY'UKURI ?

Jewe ndavye iyo Video iri ngaho musi aho Hatungimana Leonidas batazira Tout autre yahoze ari umuvugizi w'uwahoze atwara uburundi Petero Nkurunziza, akaba ubu ari umuvugizi w'aba Frondeurs nkuko avyivugira, atanga insiguro z'ibinyoma n'imyigovyoro ku bibazo abajijwe n'umupfasoni Jeanine Barambona, umwe mu bitavye inama ya CNARED yari yakoranije abarundi batari bake basanzwe baba mu Bubirigi kuri uyu wa ……. Ruheshi 2016, aho avuga ko CNARED n' abayirongoye bigoye kubizera kubera ibibi vyinshi vyakozwe bari mu ntwaro irongowe na Nkurunziza bahagaze mu mabanga akomakomeye atandukanye. Dusanga ko gusasira indava ibinyoma vyeruye nk'ivyo Tout autre yashikirije abaraho, bikigoranye ko uburundi buva mu ngorane burimwo ubu.

Igiteye ubwoba cane si ibinyoma vya Tout autre namba, ni ukugene abesha izuba riva akabeshera Alexis Sinduhije, agatandukira mutama Mbonimpa na Mugwengezo Chauvineau kandi abo bose bazi ukuri ku vyo ariko arababeshako, bicaye ngaho bamwumviriza, ntihagire numwe amuter' ivyatsi.

Mbega vyoba vyatumwe na kwa gushigikirana mu mafuti gusigaye kuranga abarundi bamwe bamwe muri kino gihe co Kwiyamiriza mandat ya gatatu (3eme mandat) ya Nkurunziza ? Aho twovuga ngo : UMWANSI W UMWANSI WANJE YABAYE UMUKUNZI…….. !!!!!!

1. Tout autre ati :

a. Alexis Sinduhije ntiyari kuba akiriho iyo tutaba turi mu ntwaro kuko ni twebwe twamukijije.

Nukuri inkuru nk'iyo iraryoshe kwumva ku batazi ukuri. …………Ico tubiziko nuko kuva aho Alexis Sinduhije ashingiye umugambwe MSD akavugira ahagaragara ko agiye kugwanya intwaro y'amanyanga ya Nkurunziza, abari mu ntwaro bose baciye bakorana bamucira urwo gupfa mu tunama twabo kuri permanance y' umugambwe cndd-fdd.

None ni inde atazi ko mu ba Frondeurs bose bari ngaho muri salle ( Tout autre, Rufyikiri, Onesime, Piyo n'abandi …) abo bagabo ata nama nimwe ifata ingingo zihambaye nk'izo muri cndd-fdd basibamwo ? Murasaba radio RPA ibasubirizemwo amajwi amw'amwe mwumve ibijanye na Sinduhije igihe afatiwe ku kibuga c'indege i Dar es Salaam muri Tanzaniya kw'itegeko ry'ubutegetsi bw'i Bujumbura. mwiyumvire ingene abavugizi ( Onesime avugira umugambwe cndd-fdd, Tout autre avugira Nkurunziza, Nzobonariba avugira Gouvernement) bakurakuranwa kubijanye n' ingene Alexis S. ategerezwa kuzanwa vyihuta ibujumbura. Maze bamwereke ico imbwa yaboneye ku mugezi. Abo ba Frondeurs bari mu bamurindiranye umujinya mwinshi.

b. Alexis Sinduhije yatabawe na ba nde ?

Mutama Mbonimpa abicishije muri APRODH arongoye, yarakoranye cane n' amashirahamwe yigenga yo muri Tanzania mu kumutabara Sinduhije ngo ntazanwe kwicwa i Burundi;

Honorable Radjabu Hussein yaciye yikora vyihuta ku bagenzi batandukanye be n'abari mu ntwaro i dar es salaam, abagabo n'abapfasoni bakirigwa kuri CENTRAL POLICE STATION iri hafi ya RAIL WAY i Dar es salaam, bakirirwa bahanganye na ambassadeur w'uburundi muri Tanzaniya nawe akora ivyo ashoboye ngo batinde barungike Alexis mu minwe ya ba Tout autre na bagenziwe, bakora ibishoboka vyose gushika Sinduhije arekugwe ;

Umu assistant wa Alexis yitwa Willy Hatungimana ubu agorewe mu mpimba yaciye yikora ku mu parrain wiwe mu vy'amadini, atavuga rumwe na reta ya Tanzaniya aho i dar es salaam, nyakwigendera Révérend Christopher MTIKILA, uyo yaciye nawe ahaguruka yagiriza Reta ya Tanzaniya ko igira ifashe Reta ya Nkurunziza kunyuruza umunyepolitike Alexis Sinduhije w'iburundi. Ibinyamakuru birandika, ama radios arasemerera, amakungu abijamwo;

Bob Rugurika n'abandi baja kuri aeroport aho y afatiwe, kumufasha ibikenewe kuko ijoro rya mbere Alexis yaraye hasi kw'isima aho yafungiwe kuri Central Police Station.

Ariko ubu hageze ko abari bamurindiranye agafuni ko kumuhohosha i bujumbura bavugira hejuru ngo iyo bataba bo ntaba akiriho… Quelle honte !

2. Mutama Mbonimpa, tout autre ati twakoze inama yo kurekuza intama…..
 
Aho rero arateshwa ate, Jewe nitwa Ndereyimana Emmanuel twabana mu cumba kimwe na mutama Mbonimpa ku mpimba muri quartier yitwa infirmerie. Ivyakorwa n' ubutegetsi vyose ngo Mbonimpa ntazopfe arekuwe kubera yashize ahabona dossier KILIBA ONDES n'ayandi ma dossiers menshi ku bijanye n'amanyanga akorwa n'abo nyene biyita ko bamufashije. ……

Ico tuzi kw'irekurwa rya Mutama Claver Mbonimpa nuko yafashwe bukumbi aragwara, maze turamutabariza ku buyobozi bw'ibohero burarahira burarengwa ko atajanwa kwa muganga bataronse itegeko rivuye aho bita hejuru. Aho hejuru hari ba nde atari abo nyene ba Tout autre, ba Rufyikiri, Piyo, Onesime n' abandi gushika kuri Nkurunziza?

Tubonye mutama yabize icuya, yataye ubwenge atakivuga agira adupfane, niho honorable Radjabu Hussein yahamagara umumwe mu ba polisi b'ipete ryo hejuru, akamwiganira ko ibara rigira rigwe Mbonimpa niyapfira mw'ibohero kubera Reta yanse ko aja kwivuza, ati rya umutima amenyo mu mutware kwa muganga.

Niho uyo mu polisi ntavuze izina hano kubera impamvu muzi mwese z'umutekano wiwe yaca aza aratanga itegeko Mbonimpa abona kujanwa n'abiwe mu bitaro kuri BUMEREC. Abo ba Tout autre na bagenziwe mu twaro bavyumvise bategeka ko hagenda hafi ikambi yose y'abapolisi gucunga ntihagire abantu baza kuramutsa mutama mu bitaro. Benshi barazi amabi abaganga n'abaje kuramutsa mutama bahaboneye ico gihe. Mbonimpa aravurwa, abona gutora mitende.

Mutama Mbonimpa rero yarekuwe kubera pression y'abanyagihugu, ama radios, na communauté internationale kurya vyagenze kw' irekurwa rya Hassani Ruvakuki na Bob Rugurika. Hama baje ngaho bavuge ayamuhe nkuko ama dossiers nk'ayo tutazi ingene bigenda harya mu ntwaro barimwo. Nibabe bavuga ibindi ariko amabi yose bayakoranye na Nkurunziza. Kanatsinda iyo abantu bavuze bati Nkurunziza n'akagwi kiwe, mbega mwibaza ngo ako kagwi ni bande atari abo ba Frondeurs nyene ?

3. Mugwengezo wewe, aho Reta ya Nkurunziza igwiriyemwo abo ba Frondeurs yamugejeje we n'umugambwe yatwara UPD-Zigamibanga, ntawutabizi. Kumuturubika, kumugendereza ngo bamuronke akanya yicwe, guca mwo za nyakuri mu mugambwe UPD, ivyo vyose:ni inde atazi ko vyakorwa n'abo nyene Tout autr avugira nawe nyene arimwo ? Barabesha abandi kuko aho babukaranga twari musi y' Urujo. Baze babesha abo banyamahanga, abarundi turabazi bihagije ntaho bazomenera ngo babandanye ivyo batanguye barikumwe na Nkurunziza.

4. Tout autre arongera ngo :
 
Abo kwa Nkurunziza barahaye Minani Jean amafaranga angana umuriyaridi ( 1 milliard)kugira ngo abafashe amanyanga arayanka. Mbega ko atavuga ko Minani yemeye kubafasha ariko bananiranwa ku giciro ? Ko yari yabasavye 3 milliards maze bamuha imwe arayanka. Nibabe bavuga uko ibintu biri bareke gukingiranira ikibaba. Minani na ba Tout autre barazinanye, bariko bagira mucezo wa ndani. Minani arazwi cane ko ariwe yuguruye umuryango wa za nyakuri. Murabibaza Léonce abacire agace. Ni kabiri na rimwe cnared nayo ikavukamwo nyakuri. Muratira agashambara mubaze imibonano yahuje aba cnared bamwe bamwe n'umugwi waserukiye Nkurunziza i Helsinki. Nyakuri ya cnared si kera cane. Nta bakunzi b'inda twokwizera ko bazotuzanira amahoro i Burundi.

5. Tubayagire utundi nka tubiri tubereka abo ba Frondeurs abo aribo mu vyukuri……..
 
Muribuka mwese mu 2007, amategeko ahonyangwa mu nama nshingamateka aho birukana abashingamateka 22 batowe n' abayagihugu. Iyo nama nshingamateka yatwagwa na Piyo Ntavyohanyuma, akagira icegera Onesime Nduwimana. Hagafatwa ingingo yo gushira mw'ibohero umushingamateka Radjabu Hussein kuko yari ababereye intambamyi mu vyo gusahura amatungo ya Reta n'ubundi bubegito butagira izina. Abo ba Tout autre ntibari ngaho ? Hatunganywa ikoraniro ry'umugambwe ryabereye i Ngozi rigatumwako biciye mu manyanga, rikaba ari naryo soko ry'amabi yose Uburundi burimwo ubu, Rufyikiri Gervais nawe yashinze imizi mu nama nkenguzamateka, ko benshi bamubona agenda yunamye bakamwihendako.
 
Rufyikiri abamwihendako bavuga ngo ari mu bagwanya ibiturire n'ubusuma, tukaba tuzi umushahara ahembwa n'uturusho yarafise, yubatse i Hotel ingana kurya i Gitega mu mafaranga yakuye hehe ? Abatabizi bazobabwira ngo yafashe ideni muri Banque, ivyo bavyita guhuma amaso amakungu. Jewe ndabayagira ni jewe nabaye son premier Chef du Protocole muri Senat, pour vous dire ko ndamuzi bikwiye. Ivyo vyose vyo gusahura igihugu, Guhonyanga ibwirizwa nshingiro n' amasezerano ya Arusha, ntibabipfundikirahamwe mu mugambwe cndd-fdd muco bise inama y'inararibonye irongowe na Nkurunziza nabo bagabo biyita aba Frondeurs barimwo ?

Hariho n'urundi rwego gwitwa « Club Nonoka » ruhuza aba Généraux n'abo ba Frondeurs mugufata ingingo zo kwica no gukiza. Ariho hapfundikirwa za SAFISHA, KORA, GUGUNA n' ibindi bihekuye uburundi, ba Gihahe, ba Ndombolo, ba Kazungu, ba Rwembe, ntibakora ivyapfunditswe na Nkurunziza arikumwe n'abo ba Frondeurs ? Murabibaza aba MSD, aba FNL n'aba UPD kuko inda uyibarirwa n'uwayirayeko. Abo ba Frondeurs ivyo vyose barabifisemwo uruhara, ntibasubire rero kubesha abarundi n' amakungu. Ngo sokwe ni ruze. ....

6. Bafata ingingo yo kwica Jean Petit bamufashe bamukuye i buvira aho yari asigaye yigisha mu mashure yisumbuye, bakamwica ugwagashinyaguro, ko Tout autre bagendanye ku rugamba, yobiganira ico yakoze ngo arokore ubuzima bw'uwo basangiye vyose ? Nimba ataco yakoze kuko ata mugambi umwe wa Nkurunziza atagizemwo uruhara.

7. Igihe Tout autre agiye kumpimba kuraba uko uwitwa Kagabo amerewe atumwe na Nkurunziza kubera Aprodh ( Mbonimpa) yariko arasemerera, abatabizi bazi ngo yaragiye kumugarukirako. Ukuri nuko Nkurunziza yagira ahure n'abaserukira ibihugu vyabo mu burundi, mu vyo bari kuvugana harimwo iyo cas de Torture bagize kuri Kagabo Evariste mu kumwenenekako aka bidon ka 5 litres kuzuye amazi ku magara. Yaraje kuraba kugira ngo ashire rapport Nkurunziza nawe aze kumenya ingene ahinyanyura imvugo mu kubishikiriza abo banyamahanga baserukira ibihugu vyabo i bujumbura. Ariko abatabizi bazi ngo yazanywe n'impuhwe.

8. Ko jewe Ndereyimana Emmanuel, nafashwe n'iperereza abamfashe baka bari barongowe na General Ntirampeba Agricole batazira Mwamba, akanyibwirira ngo : Hako dusubira guhangana mu myiyamamazo y'amatora yo muri 2015, twahisemwo ko uzoba ufunzwe canke warapfuye.
 
Bakanjana ubutarariye mu Cankuzo ngo banshire hamwe n'abateye uburundi, maze ibe ariyo dossier bahagararako mu kumfunga canke kwicwa ngo naguye kurugamba. Imana yarakinze ndacariho. Igihe bapfundika iryo rementanya, abo ba Frondeurs sibo bafata ingingo za politike ? Bakanshira muri Dossier Ruvakuki, bakanyagiriza ngo ndi umu TERRORISTE, ivyo bimwenyi ngo ni aba Frondeurs, sibo bahakanye ko ntumwako kuburana ngo nohava ndabatsinda nkataha ? Nubu dossier iryamye mu ma tiroirs ya cour suprême aho bahabwa amabwirizwa n'umugambwe. Abafata izo ngingo ni ba nde atari abo ba Frondeurs. Mu kwigovyora bavuga ngo ubutungane burigenga, ni inde atazi ivy 'ubutungane bw'i burundi? Noneho Imana yarahankuye muri rirya buye. Sindabipfurije kuzoja mu mahano banshizemwo canke bashize mwo abarundi isinzi n'ubu bacuzuye amabohero, ariko barakwiye kuzobibazwa bose kuko basenyera ku mugozi umwe na Nkurunziza. Umwansi agucira icobo, Imana ikagucira icanzo.

Reka ngeze aho tuzosubira tuyage ku vy'abo bagabo biyambitse urushato rw'Intama kandi ari ingwe ziriko zirondera aho zimenera ngo zisubire gutikiza inganda.
 
IBUYE RISERUTSE NTIRYICA ISUKA.

8 commentaires:

  1. Mugabo canke Mushingantahe Bigirimana Emmanuel,
    Ivyo uvuga nivyo kuko abari muri CNARED bamwebamwe ntibazokwigera bazanira amahoro, ubutungane bwigenga mu Burundi. Kuko amakosa yose (ubwicanyi n’ubusuma) ari mu gihugu ari bo bayateye.
    Mbega wewe uri muri MORENA? Kuko ivyo uvuga ni nkuko nabo bavuga. Jewe ndemera ivyo wanditse mugabo nsindinjira muri MORENA.
    Hariho ikibazo wibajije hanyuma uriyishura nico gikurikira: “ Mbega vyoba vyatumwe na kwa gushigikirana mu mafuti gusigaye kuranga abarundi bamwe bamwe muri kino gihe co Kwiyamiriza mandat ya gatatu (3eme mandat) ya Nkurunziza? Aho twovuga ngo: UMWANSI W’UMWANSI WANJE YABAYE UMUKUNZI…….. !!!!!! “
    Je pense qu’il faut accepter cette coalition momentanée parce que dans la vie tout est question de moment, de lieu et de choix. Ces trois éléments sont réunis pour lutter contre le 3éme mandat de NKURUNZIZA qui a mis dans la poubelle les Accords d’ARUSHA. Après le CNARED va disparaitre comme il est venu parce que les gens qui souhaitent un état de droit au Burundi devront adhérer au MORENA qui prône une justice indépendante. Partout au monde, il y a des Assassins, des Voleurs et des Violeurs mais ces voyous sont combattus par la justice indépendante (UMUNTU WESE AGENDA AFISE ICO ATINYA NICO ASONERA).
    Cette dame a eu une réponse insuffisante mais elle a été satisfaite parce que le CNARED mène le même combat qu’elle (question de moment, de lieu et de choix). Elle aussi devrait adhérer au MORENA si elle veut voir une paix durable au Burundi. Je fais la publicité de MORENA sans être membre mais demain je vais y adhérer.

    RépondreSupprimer
  2. MORENA ndayishigikiye,ifise ivyiyumviro bitomoye.

    RépondreSupprimer
  3. Uyu muntu arakoze cane kuko jewe CNARED nahora ndayanka kubera nzi yuko barya bantu bose bayigize (kiretse MSD) baranzwe n'ububisha butagira izina. Raba Minani ahagarara kw'iradiyo yo mu Rwanda ngo hagarara bwuma, bagaca batikiza abantu. Ba Toutautre (Cose????) narinzi ko bamaze imyaka cumi bagira amarorerwa ariko sinari nzi izo exemples urakoze cane. CNARED ikwiye gusambuka tugashira imbere abantu ata maraso bafise ku ntoke

    RépondreSupprimer
  4. Nugusenga Imana twongera tunabigwanira abantu bose bafise amaraso kuntoke ntibasubire gutwara uBurundi. Nanje aba Fondeurs sinigeze ndabemera kuko vyose vyakorwa ariho bari banabishigikira mu maradiyo no mu manama yabo.

    RépondreSupprimer
  5. Jewe ivyo muvuga vyoooose,abazokiza uburundi n ubu ntibaraboneka, bari mu rwaruka rutararenza ubu 35 ans . MORENA Muvuga Isidore ntiyari umuhanuzi wa Buyoya kuri bagaza hooose ntiyari ahari bariko bakumira abahutu, yaravuga na kimwe,, mwarigeze mwumva avuga ndadaye yishwe nta Isidore umutama aba juene twokwizera, MSD aha nini irimwo aba sans echec bamaze abahutu za musaga, ngagara ,UB, aba Fondeur imyaka icenda yooose bakoranye na nkurunzinza ivyabaye ubwicanyi vyoose bakingira ikibababa,,uravye ba Busokoza, ba Nditije, ba Miani, nabantu nka 1993 batavuga na kimwe,,aba Frodebu,, bagiye nabo mu baryi entre 1993 et 2005, ubwicanyi bwabaye inyuma y urupfu rwa Ndadaye,abatutsi bagatemeshwa imipanga nk uwutema igitoke ntivyagizwe ahanini abahutu bari muri frodebu ,,mu nyuma igisodo kikirara mu bahutu kigakuzaho abo ba MORENA Isidore barorera ,,aba DD nabo bagwana ,,abatutsi barasasitse irya nino, Bref profil ya CNARED nta kazoza keza ku burundi ifise ni co kimwe nka Leta yi Burundi y Ubu,,Aba Jeune tutarenza 35 ans babahutu nabatutsi nabatwa tuzoja hamwe,, dushinge umugambwe wacu,,abatama mwese mwigigwe kure mutureke mwese tuzobaha retraite mutureke tutezimbere Uburindi,,kuko Profil yabari CNARED ou ukaraba nabatwara i Burundi,, boose nta numwe afise souci yo guteza imbere uburundi,, booose bariko banyinyana , ngo bamwe bagumane ama privilege bariko abandi bagarukane ama privilege batakaje,,natwe ugwaruka duheza amashure tukabura naho dukora akazi,, tukabura na 1000 Fbu yo kugura isabuni yo kwiyoga,,abandi amafaranga muyanikira mukayanura,, mufis ibizu, amahotel,,ama ama;maganzini,,imiduga myiza,,abahabara kubera mugira ico mubaha,ugwaruka natwe tugowe,,, uko bimeze kwooose ntibizoguma uku,, biragara ko mwese ata numwe,, ashobora guteza imbere uburundi. Mwaramaze kwaguka,,nimutubise,urwaruka tuvyikorere,,

    RépondreSupprimer
    Réponses
    1. Merci! Uri muri bake bagerageza kuraba ingorane z'Uburundi uko ziri badakwegera ku bwoko bwabo. Ariko ingorane rero, wewe, jewe n'abandi biyumvira gutyo turi inkehwa mu Burundi!

      Supprimer
  6. Sans vouloir faire une apologie de qui que ce soit, Abo ba Frondeurs bose, ont PROBABLEMENT été forcés d'être COMPLICES! Je dis "probablement" car je ne suis sûr de rien! Yamara turavye UKUNTU HABARIMBAYA ATAGONGOYE MU VYIYUMVIRO VYIWE no muvyo akora, je pense qu'il leur aurait été difficile DE S'OPPOSER À SES DECISIONS qu'il prend tout seul par ailleurs. IL MET TOUT LE MONDE DEVANT UN FAIT ACCOMPLI! Pour me mettre à leur place, NIBAZA KO YARI KUBAHITANA iyo baryogora!

    Yamara BIGIRIMANA Emmanuel ARAKENUYE CANDE kandi nizeye ko abo ba Frondeurs nabo nyene baza kubona iyi article BAKAMENYA KO HARI ABANTU BABAZI NEZA KANDI BABASHENGEJE KURI BUJUMBURA NEWS! Emmanuel, Imana ikuje imbere utubwire n'ibindi kandi ndayishimira cane kubona YAGUKUYE MU VYARA VY'UBUTEGETSI BW'I BUJUMBURA! Amen!

    RépondreSupprimer
  7. NARARUSHE NTA NUMWE NIZEYE KIRETSE UWUHORAHO KUKO UWOSESANGURA YOSANGA HARUWAGUTUMYE CANKE INYUNGU ZAWE NABAWE!

    RépondreSupprimer

Avis aux lecteurs,

Dans le soucis de préserver l'originalité des articles et le respect des auteurs ...
Dorénavant, ceux qui veulent faire des commentaires sur les articles sélectionnés par notre Webmaster sont priés de rédiger des articles et les envoyer via notre mail (bujanews@gmail.com) pour publication.
Fidèle à notre sens du partage de l'information, nous vous garantissons la publication de vos articles.

Merci de la bonne compréhension.

La Direction des Publications

Remarque : Seul un membre de ce blog est autorisé à enregistrer un commentaire.