vendredi 12 août 2016

L'Honorable RADJABU Hussein appelle les burundais à rejoindre le FOREBU

AKAMO GATEWE ABARUNDI KURI 12 MYANDAGARO 2016

Barundi,
Barundikazi,
.
Haraheze umwaka urenga u Burundi buri mu kajagari no mu mutekano muke bitewe n'ugushaka kwigumiza ku butegetsi kwa Pierre NKURUNZIZA abanje guhonyanga amasezerano y'i Arusha y'amahoro no gusubiza hamwe be n'ibwirizwa nshingiro riyakomokako.

Ivyo vyatumye haba ububegito bwinshi n'iseswa ry'amaraso bikabije. Ugukoresha igikenye mu guhagarika imyiyerekano y'amahoro yiyamiriza iyo ngendo ,Vyatumye hahagarikwa abanyagihugu benshi cane ,harasinzikarizwa ubuzima abatari bake,haba n'ubwicanyi ndengerabutungane,gufungira abantu ubusa hamwe n'ubwicanyi bufatiye kuco umuntu aba ari.Ibiziga vyatabwa mu tuzu twa sugumwe hamwe no mu binogo rusangi.Harabaye kandi n'isamburwa ry'amaradiyo n'imboneshakure vy'abigenga ;ubukene butagira izina bushwara mu bice vyose vy'Abarundi bituma mbere ubutunzi bw'igihugu atako bwari bwifashe bubandanya busubira inyuma ku rugero rutari bwaboneke mu Burundi.

Abarundi n'amakungu barateye akamo eka mbere baratanga n'impanuro zihambaye kuri Petero NKURUNZIZA n'akarwi kiwe kugira bateshwe uwo mukazo uhagaze ku bwicanyi bukabije ariko babandanije bica amatwi .

Kuri ubwo bubisha bw'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu n'ayandi mabi menshi bibandanya mu Burundi,Abarundi cane cane intwari z'igihugu,baciye baja hamwe baba umwe kugira barwanye Pierre NKURUNZIZA, intwaro yiwe y'agahotoro eka na ba somambike biwe atanakimwe bibanga.Ni muri iyo ntumbero abahungu n'abigeme baharurwa muri izo ntwari z'u Burundi bo mu moko yose,mu madini yose,intara zose eka mbere n'abo mu nzego z'umutekano no mu migambwe yose bafata ingingo yo gushinga nabo nyene umuhari w'abanyagihugu mu kinofunofu witwa "Forces Republicaines du Burundi"mu mpfunyapfunyo FOREBU.

Intumbero yawo ivugwa akaba ari:

- Ukurandurana n'imizi intwaro y'igitugu,
- Ukugarukana amahoro n'umutekano mu gihugu,
- Ugushiraho intwaro yubaha kandi ikubahiriza amategeko mu gihugu,
- Ukurandurana imizi ivyiyumviro vy'ihonyabwoko biranga intwaro zigira nsindabibazwa z'imburakimazi.

N'aho hari imigambwe,imihari yafashe ibirwanisho,amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya poritike usanga ikorana na FOREBU,hari abacijijanya imitima mu kuwushigikira icese bivanye n'inyungu za poritike hamwe n'uduharuro tujanye n'ibiganiro vy'amahoro bibera i Arusha.

Kuri ivyo,nk'umunyaporitike twashaka kumenyesha Abarundi n'amakungu umwanya wageze wo guhagarika amakuba,amabi,amabwa eka n'ubundi bubisha Abarundi bariko barabona.Dushaka demokrasi mu gihugu naho, dutegerezwa kugira ishaka,tukarwana,tukihebera igihugu kugira igihugu cacu kigumane iteka n'itekane n'ubwigenge camanye.

Tuboneyeho aka kanya dusaba indongozi z'imigambwe n'mihari y'Abarundi yafashe ibirwanisho ko boshira imbere inyungu z'igihugu imbere y'ibindi vyose.Imbere ya vyose hakaza ubumwe bw'Abarundi ,ugufashanya,ituze mu Burundi vyo mico canke imigenzo ntanyiganyizwa mu Burundi.

Muguheraheza twashaka gukeza amashirahamwe y'abakenyezi,urwaruka rw'u Burundi hamwe n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu cane cane ligue ITEKA na APRODH ku ntererano ihambaye mu gukurikirana no mu kugarukira kubashikiwe n'ivyago vyatewe n'ububisha bwo gusesa amaraso bwa Pierre NKURUNZIZA.

Ntituzokwibagira abafunnzwe bazira ivyiyumviro vyabo n'imigambwe yabo, ubu bari mu busho n'amabohero atandukanye mu gihugu.

Turavye ivyo dusanzwe tuzi kuvyerekeye akarenganyo bagiriwe,bamenyeko tutarota tubibagira , ko turi kumwe nabo mu ngorane barimwo.

Kubahasize ubuzima bariko baharanira amahoro na demokrasi mu Burundi ni ntibagirwa mu gihugu.Amaraso yabo baseseye igihugu azoguma ari icibutso kidahanagurika,isoko y'ivyiyumviro vyiza vyubaka ngenderwako ku Barundi b'iki gihe n'abazovuka.

Murakoze !

Umukuru w'umugambwe CNDD-FDD urazwa ishinga n'iyubahirizwa ry'amategeko
Umushingamateka Hussein Radjabu

3 commentaires:

  1. Barundi benewacu iyi mpanuro y'uyu mushingantahe mwoshaka mwoyifata na nkama kuko aho igihugu kigeza s'aho kuraba inyungu z'umuntu n'ugutabara igihugu n'abanyagihugu uyu musazi Peter Nkurunziza agomba atembane . Nimurengere ibibatandukanya muje hamwe mwikureko iyi ntwaro yazigamitse igihugu kirangwamwo inzara yokora amakara ikajugunya n'ikimwaro aho uburundi butakigira ijambo mu makungu busigye butagitinyuka guseruka aho ibindi bihugu biserukiwe . Mu kubishikako nta yindi nzira atari ugufata ubuhiri kuko nk'uko abarundi bayamaze ngo AKARI MU KANWA K'IMBWA BAGAKUZAYO UBUHIRI . Hagurukira rimwe mushigikire FOREBU iri ku rugamba kandi irimwo abarundi b'ubwoko bwose bo mu ntara zose no mu migambwe yose . Ico n'ikintu kitaribigere kiboneka mu Burundi aho abarundi babonye ko umwansi wabo n'uwuriko arahonya abanyagihugu akuzako mugabo akabesha bamwe ngo n'ikibazo c'ubwoko kuri kabisi gusa mugabo kugahiye akabavuza ubuhiri akica akarambika . FOREBU rero nitunyarukirize twikureko iyi ntwaro yazingamitse igihugu mugabo inguvu zayo zizova muri twese abarundi .

    KOMERA FOREBU ABARUNDI TWESE TURI INYUMA YAWE

    RépondreSupprimer
  2. Uriyifata nkakama wear umusaba,twebwe ntagomba kutubarira aho nduhagara, uramukurka wear ahemba.

    RépondreSupprimer
  3. Turashigikiye icoza gikura igihugu mu kaga cose.

    RépondreSupprimer

Avis aux lecteurs,

Dans le soucis de préserver l'originalité des articles et le respect des auteurs ...
Dorénavant, ceux qui veulent faire des commentaires sur les articles sélectionnés par notre Webmaster sont priés de rédiger des articles et les envoyer via notre mail (bujanews@gmail.com) pour publication.
Fidèle à notre sens du partage de l'information, nous vous garantissons la publication de vos articles.

Merci de la bonne compréhension.

La Direction des Publications

Remarque : Seul un membre de ce blog est autorisé à enregistrer un commentaire.