mardi 26 avril 2016

L'Honorable RADJABU Hussein devoile la face cachée du CNARED

CNARED ! RWOBA ARI URUNANI CANKE ICIPFUZO C'URUNANI ?
(IGICE CA MBERE )

Abatari bake bazi ko CNARED ari urunani ariko hakaba n'abandi bibaza ko coba ari icipfuzo c'urunani kitarigera kija mu ngiro. Abamaze kubona ko CNARED ari urunani nyarwo kandi rukomeye bazi neza ko bishobora gushika bakanaramutswa intwaro nfatakibanza kuko ku bw'invugo zabo bararota ko umuhari CNDD-FDD utegerezwa kuzoranduranwa n'imizi . Uwufise amaso kandi azi no gusesangura aribaza abo bavandimwe inguvu bizigiye zo gushika kuri uwo mugambi bakabura.

Abo basesanguzi nyene barazi neza ko abadumisha indoto nk'izo ari nabo usanga bagabirije kugira ngo akarwi ka PETERO NKURUNZIZA utwo kazosigaza mu nkono kamaze guhaza abako babe aribo bagabana imisigazwa bibaye ngombwa bakaba ari bahereza ko ku kiyiko uwo bashatse. Ninaco gituma rero ubu hari ababona muri CNARED ibiti biri kw'irembo. Ntibayibona mwo urugamba rwo guhagarika amaraso ya bene Burundi Petero Nkurunziza asesa uko bukeye uko bwije.

CNARED( ndayite urunani nk'abandi bose babona canke bipfuza ko biba uko ) iri n'ibibazo vyinshi ! Nta RUNANI ruranga abatari bake mu banyepolitike bayigize ,ariko usanze bariko barasangira urukanywa ntavyo upfa waratoye udafise amatwi n'amaso. Hari ivyagiye biratandukanya bamwe n'abandi muri kahise usanga bigenda biragaruka. Hari kandi n'ubwibone bw'abiyerekana ko bashoboye kurusha abandi .Usanga bamamaza amazina yabo ngo nibo bafise imihora ikomeye mu makungu. Baranizeza ko ayo makungu yipfuza gufasha ariko agashaka ko biba ngombwa biciye kuri bo. N'uko guca ku biti no ku mabuye mu kwigizanya yo n'amero menshi ngo ikiza kibahitanize ibitubutse giciye ku mugongo w'ibiganiro.
 
Abagize CNARED n'aho bashaka kuja mu biganiro bari bakwiye kubanza kuganira ubwabo kugira bagire urunani koko. Nivyo abatari bake babahanuye natwe turimwo ariko bigaterwa ivyatsi bitumwe n'uko ku batari bake babona ko buca baronka ibiti.
 
Mu kirundi baca umugani mu kirundi ngo "UMWUKO N'IKIRIKO!". CNARED ntiyigereranye na SAHWANYA FRODEBU yo mu myaka ya 1993 -2000. FRODEBU yari yaratahukanye INTSINZI inigirwa mu menshi itaramara ikiringo yatorewe ari naco gituma hakozwe ibishoboka kugira isubire ku butegetsi bwayo maze hagatunganywa ayandi matora ariyo itwara.

Ntihagire abitiranya ibihe. Ubu ibiringo bibiri vya Petero Nkurunziza n'aho vyaheze nta n'umwe yikwiyitirira ugutwara canke uguhabwa ubwo burenganzira.
Ubu tubage turashima kubona abarundi baba hagati mu gihugu na cane cane baba hanze barikanuye kugira ntihagire abasubira kwama babajuragiza n'ibinyoma nko muri kahise .Bizobafasha kunyegurura ibinyegezwa vyongeye bibafashe kutizera kuraburwa no guhabwa amaraso avomwe mu ndembe.

MU KURANGIZA ,ABABONA KO CNARED ARI ICIPFUZO C'URUNANI NTIBIHENDA NABO KUKO MU VY'UKURI URWO RUNANI ATARWO !ARIKO RURASHOBORA KUZOBA HO BENE YO BAVYITUMYE.

TURAKEJE LEONARD NYANGOMA KU BWITONZI YEREKANYE MU KURENGERA IBIJANYE N'IMINIGANO IGIHE COSE YARI AMAZE ARONGOYE CNARED.

Honorable RADJABU Hussein

6 commentaires:

  1. Je suis deçu avec votre CENARED, vous n'etes pas du tout strategiques. Un CENARED sans Rajabu et Murwengezo dans les moment actuel, n'est pas une bonne startegie. Ces deux hommes sont lucides et bon mobilisateurs .... les laisser derrieres c'est se démembrer d'un bon nombres de supporteurs des Burundi. Wait and see

    RépondreSupprimer
  2. BAREKE,BISABIRE AKUMBATI,AHO IKIBIRI CHAHEREYE,NANIYO BARIKO BAJA.
    NIMUREKE,KUJURAGIZA BENE BURUNDI.NGO CENARED,NJANYE NA ROISKLALED, YAKIRA ABARYAYI!

    RépondreSupprimer
  3. CNARED nitwagwe n'abadafise amaraso mu minwe..... En tout cas pas MINANI Tuzomugwanya gushika yishuye ivyo yavugiye kuri Radio Mille Collines

    RépondreSupprimer
  4. LE CENARED est plein d'opportunistes qui ne cherchent que des positions dans le Gouvernement de transition une fois forme. Nkurunziza ntashobora kuvaho Atari hamw akubiswe ubuhiri mugahanga, akamenya ko n'abandi bava amaraso nkawe nyene. Rero, abarundi bose duhagurukire kimwe tumutuze aruhukire mu mpimba be n'akagwi bahorana, maze uburundi bubone kubona amahoro.

    RépondreSupprimer
  5. Maniriho Gervais27 avril 2016 à 20:32

    Ndakeje Cnared kungingo yaraye ifashe yo gusubiramwo inzego ziyirongoye! Nukuri, Cnared yiyerekanye bikwiye ko ari umuhari ukomoka ku kiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza. Abarundi batemera ico kiringo ntibasubire guta umwanya no kwihenda ngo hari urukiza barindiriye kuri Cnared! Nabantu bari harya kubera inyaga zabo, imizeze yabo! Nabantu bari harya kugira bumvikane basambure icoza cose kibatandukanya na Nkurunziza, kuko asa n'uwuhagarikiye ubugeni bwabishe Président Melchior Ndadaye n'abafasha biwe. Petero Nkurunziza agaserukirwa na Onésime Nduwimana, Dr Jean Minani na Major Bernard Busokoza nabo bakaza bagira kumategeko ya Petero Buyoya! Mugihe hoza lero intwaro y'abantu bashaka guhora Ndadaye n'abarundi bose bahitanwe n'urwimo rwa 93 n'iyindi myaka yakurikiye, gushika ubu, intwari nka Nyangoma, zica zigizwa kure! Nivyiza lero ko Cnared yiyerekanye ico iri, ico ikora, atagahuzu yishizeko! Urugamba rwo kurandurana n'imizi 3e mandat, ntirutegerezwa gusiga inyuma Cnared, nakare ngo ibikundana birajana!

    RépondreSupprimer

Avis aux lecteurs,

Dans le soucis de préserver l'originalité des articles et le respect des auteurs ...
Dorénavant, ceux qui veulent faire des commentaires sur les articles sélectionnés par notre Webmaster sont priés de rédiger des articles et les envoyer via notre mail (bujanews@gmail.com) pour publication.
Fidèle à notre sens du partage de l'information, nous vous garantissons la publication de vos articles.

Merci de la bonne compréhension.

La Direction des Publications

Remarque : Seul un membre de ce blog est autorisé à enregistrer un commentaire.