jeudi 18 août 2016

Qui sont les vrais dirigeants du FOREBU ? (par Honorable HUSSEIN Radjabu)

MBEGA NI NDE ARONGOYE FOREBU ?
MBEGA ABA FOREBU BAZOGIRA IBITERO RYARI ?

Ivyo n'ibibazo bigaruka kenshi mu vyo abanyagihugu bari hagati no hanze y' gihugu bakunda kutubaza kuva aho dutereye akamo abarundi gushigikira uwo muhari. Inyishu iraboneka inyuma y'iyi ntangamarara itanga umuco ku catumye dutera akamo abarundi.

INTANGAMARARA:

Abenshi aho bunviye duteye akamo abarundi baranezerewe .Hari n'ababaye haba mu bari mu butegetsi haba wanashaka no mu batavuga rumwe n'ubutegetsi.

Mu bari mu kagwi k'abicanyi ukubabara kwabo n'uko hari ibinyoma twavuruguje. Bahora bamiza mu minwa yabo ngo abagwanya ubutegetsi bashigikiwe n' URWANDA ahandi naho ngo n'abatutsi bashaka kugarukana intwaro y'abahima. Twaserutse nk'abadafise ico buhuriye ko n' Urwanda muri aya makuba kuko kuva dusohoka ibohero tutarahonyoza ukuguru i Kigali nk'uko abavandimwe bacu b'abanyepolitike bamwe bamwe bahungiye yo. Bidasigura ko abahungiye bagiye kugwanya ubutegetsi. Ihi bambe we ,bagiye kwikinga ubwicanyi bw'akarwi ka PETERO NKURUNZIZA kihagiye ubutegetsi ku nguvu,bwabaye ndanse mu Burundi.

Ugukamisha ubwoko n' URWANDA nta kindi ubutegetsi bwarondera atari ukurondera gushigikirwa n'Interahamwe na FDLR

Ntauyobewe ko muri bo hari abagandaguwe.

Ntibahungiye mu Rwanda gusa,barahungiye no mu bihugu bitari bike vy'akarere, vya Buraya,Asia na Amerika. Aho bari hose biyunvira igihe igihugu cabo kizoronkera amahoro kugira batahe mu babo no mu vyabo.

Ni muntahure ! Ntabo ndabona dufatanije urugamba ka bahima canke ka batutsi. Ntihagire abahendwa. Ku bijanye n'URWANDA narabonye umutahe undondeza wandikiwe indongozi z'Urwanda ! Narumuwe maze ndawereka bamwe mu baserukira ibihugu vyabo muri kimwe mu bihugu vy'akarere bobo barushiriza ho kwumirwa. Si bishasha kuri jewe ivyo vyamye bimbako no mu bihe vy'urugamba rwa FDD aho bamwe mu bo twagendanye uko bagize ibibazo baca bavuga ko biturutse ko nohejwe n' URWANDA n'Abanyamerika kandi zari ingorane zo hagati mu muhari CNDD-FDD. Abo twagendanye barabizi kandi baravyibuka.Twashira imbere icivugo cacu "NTIHICA UBWOKO HICA UBUTEGETSI BUBI " kandi nico cashikikanye ku tsinzi CNDD-FDD waronse waramaze kuba umugambwe.

Petero Nkurunziza n'akarwi kiwe ku marorerwa bakora n'abandi b'abarundi,n'abandi b'abagumyabanga. Akamo rero twateye abarundi twaragateye n'abagumyabanga bakunda demokarasi ubutungane bwubaka amahoro hamwe n'iterambere ridakumira.

Nta Rwanda nta Bahima n'abatutsi bari bahanze uburundi nk'uko BACEMWO mukuru Petero Nkurunziza akunda kuvyigisha. Abarundi mu budasa bwabo umwansi wabo n'uwo yica,n'uwo anyuruza abantu n'uwo apfungira abantu ubusa,n'uwo asambagura imigambwe ,n'uwo agwanya abazimyamuriro,n'uwo adashaka ibiganiro wa muco twarazwe na Mwezi Gisabo.Murazi ko uwo mwami w'uburundi yateye igikumu ku masezerano y'i Kiganda yiswe "TRAITE DE KIGANDA "yagiranye n'Abadagi ku nyungu y'abarundi. Aha twibutsa kandi ko Mwezi Gisabo yaburije mwo n'umugambi wo gushinga Umwami NYAKURI hagati ya KIRIMA canke MACONCO wari ufiswe n'Ubudagi biturutse ku nguvu yahabwa n'ibiganiro hamwe n'ubukerebutsi bw "ABADASIGANA " arizo ngabo ziwe ico gihe.

Ukurwanya Petero Nkurunziza n'akarwi kiwe s'ikosa n'amakungu arabizi n'aho rimwe rimwe hari muriyo abashaka kuvyirengagiza. Ugutera akamo abamugwanya kugira bahagarare neza birinde utudumbidumbi mu rugamba barimwo n'iteka. NICO GITUMA TUVYISHIMIYE KANDI TUKAZOBANDANYA TUBATERA AKAMO TWONGERA TWIFADIKANYA N'UMURUNDI WESE ARAZWA ISHINGA N'UKO UBURUNDI BWOKWOGORORA ATA BURYARYA ABISHIZE MWO.

TUJE KURI IVYO BIBAZO:

Nguku ukuri ku bijanye na FOREBU. Ukuri ni kumwe gusa kandi ntikuja mu bwinshi. Kubaye kwinshi kwokwitwa 《AMARI 》.Iryo jambo naryo ntiribaho mu kirundi. Ukuri ntikuba ukw'umuntu. Ukuri gushobora guteba kumenyekana ariko kukaruhira kwiganza mu kwiserura. Ukuri ahanini guserurwa n'intahe canke kugaserurwa N'ABAGABO BATAVUGIRA UMUVUMBI KU MUVUMBA .

Mu kugwanya ikiringo ca gatatu nta mihari yiyamamaza. Ariko mu nyuma hari iyatanguye kwiyamamaza ku mbuga za whatsapp na za Facebook. Harabaye n'ituzwa n'iyomorwa ry'abasirikare n'abapolisi nabo barahagarara n'ibirwanisho vyabo kugira bikingire. Haza umugambi w'uko bagwanya ingendo yo kuba ubusimbirahamwe aho umwe wese akora ibimuje mwo akavuga ibisunitswe n'impemu. Muri uwo mugambi ba BIKOVONGO bamwe bamwe barahanujwe maze batanga impanuro ko bose borangwa n'ingendo y'iteka rya RÉPUBURIKA babaha izina ribahuza ariryo FORCES REPUBLICAINES DU BURUNDI .

Bamwe baremera abandi baranka hakaba n'abigize sindabibazwa. Imwe mu ntwazangabo ariwe Lieutenant Colonel NSHIMIRIMANA Édouard yizigirwa gusoma ivyapfunditswe nk'umwe mu bagize ibiro bikuru VY'INGABO.

Hahahahahaha !!!! Hakurikiye iki ? Guma mugabiririje vuba muraronswa inkuru y'invaho ijanye n'inyishu ku bibazo aba na bariya bibaza. 

Birabandanya ...

Honorable HUSSEIN Radjabu

7 commentaires:

  1. C'est bon de nous informer mais je regrette de constater que vous voulez placer le peuple dans le suspens en lui faisant croire que vous avez plus d'info. Par contre, cette publication n'a rien d'officiel d'autant plus qu'on ne voit ni signature, ni cachet. Nous voudrions plutôt quitter cette anesthésie politique de nous placer dans des espoirs infinis. Fournissez nous les informations nécessaires, Dites-nous vos actions. Multipliez les actions et non ces infos incomplètes et sans valeur ajoutée.
    Toutefois nous soutenons toute action contre ce monstre de NKURUNZIZA Peter.

    RépondreSupprimer
  2. Mushingantahe har ijambo rimwe uvuze rifise uburemere nibaza ko abarundi benshi bakeneye gutahura gusumvya uko bari basanzwe barizi . UKURI ni kumwe kubaye ukuri mu bwinshi ntikuba kukibaye ukur guhinduka ikinyoma nukuvuga ko umwe wese akuvuga uko yishakiye aravye inyungu ziwe gusa . Sivyubu gusa abarundi bahisemwo kutavugisha ukuri bahitamwo ikinyoma ico naco kirateba kigakubitigwa ahakubuye . Abarundi bamwe bamwe barihaye n'uburenganzira bwo kubesha ivyo bakavyita politique ngo naka Arazi gukina politique nk'ukumengo politique n'umukino bibagigwa ko politique y'igihugu ari ubuzima bw'abanyagihugu ari uguhitamwo neza ingene abanyagihugu bobaho neza mu mahoro no mumutekano n'itrambere ribereye . Politike bayigira umukino kuburyo uno musi hoho basigaye bakinisha ikiremwa muntu uko bashaka bashatse bakica bagata aho bashaka umuntu ugasanga atagaciro agifise . Maze ukuri baraguhamba bahitamwo ikinyoma gushika naho bivugira ko utabeshe ngo ntusumira umwana n'ubundi bubegito bwinshi .
    Ariko rero baribagiye ivyo bari basanzwe bazi ko ikinyoma harya ngo kiririgwa ntikirara kandi ko ukuri kudatsindwa kurateba kukigaragaza ngo la verite finit par triompher .
    Twarigeze kuvuga haraheze imyaka itari mike ko umusi abarundi bo mu bwoko bwose babonye kumwe ikibazo bafise ingorane zizoba ziheze . None amatwi adusumira FOREBU woba ari umuhari ugizwe n'abarundi batahuye neza ingoran igihugu gifise ko Atari ic'ubwoko ahubwo ari imihimbiri n'abambuzi bamwe umuhisi Rragasore yita imbunuza akavuga ko atazozihanganira . Abo barundi ikindi batahuye nuko iyo mihimbiri atakindi coyigondoza Atari ubuhiri wwundi ngo akari mu kanwa k'imbwa bagakuzayo ubuhiri twibaza yuko abo barundi bakwiye gushigikirwa n'umurundi wese akunda igihugu ciwe kugira vuba bwa bwango bakibohoze .
    Ukuri rero kuboneka n'uko abo barundi babonye neza umwansi w'igihugu uwariwe agipfukamye munda yirigwa arahekura abavyeyi ibibondo agatema atongora atacamira . Uwo nawe ico nomuhanuro n'uko yoba arazinga ubusambi bwiwe mumwaya bigishoboka kuko uko numvise imigambi y'abo barundi bararahiye bararengwa ko bagomba kuzomufatisha amaboko kandi ko batazokwigwa . Bikagenda bitabaye nka bimwe vyashikira Samuel Doe ndabarahiye .

    RépondreSupprimer
  3. KOMERA MUTAMA TUYAGIRE TURAZI KO UTAPFUYE GUSHIGIKIRA FOREBU UTABANJE KUMENYA IVYAYO,IVYIYUMVIRO UFISE BIRATOMOYE KANDI AKAMO TWARAKUMVISE KO GUSHIGIKIRA ABARONDERA ITEKA N'ITEKANE MU GIHUGU,N'ABANDI BATARAJIJUKA NIBAZE DUFATANYE URUGAMBA GWO KW'IKURAKO UBUJA

    RépondreSupprimer
  4. Vous êtes les même, Radjabu et les autres CNDD. Vous voulez gagner la vangeance alors que les burundais ne cherche pas la cela: nous cherchons la paix et la démocratie.

    Avec votres rebellions, vous avez idées combien des vie cela va coûter? Vous vous êtes en exile mais nous , nous sommes au Burundi,

    RépondreSupprimer
  5. "Nous nous sommes au Burundi". Twebwe turi mu Burundi i ndani ntaco twokora tudatewe inguvu n'abavuye hanze. Ubwo buja Pierre Nk adushiramwo nta n'umwe anezerewe nabwo. Twarabaye abaja karabaye. Gira ico mukoze, natwe ntituzobura ico tubafasha duhebe twikure iyo mujeri y'umuyenzi itwicaye kugakanu. Komera. Nta majambo dukeneye. Tangura gukubita vyumvikana, ahasigaye turi kumwe.

    RépondreSupprimer
  6. bravo!!!!je pense que vous feriez mieux d'avantage de nous dire la vraie verite contraire à la demagogie du nkurunzisme.Sinon nous vous croyons plus ami de nkurunziza comme vous etiez autrefois.Par ailleurs le nkurunzisme ne peut etre combatu par la parole que par les actions:abarundi sont qualifiés par les paroles comme les faux chrestiens et non comme MOISE QUE DEVRAIT ETRE LE MODELE POUR LA SORTIE DU PEUPLE BURUNDAIS DU PAYS DU PHARAON NKURUMBI DENOME NKURUNZIZA

    RépondreSupprimer
  7. Ivyo twarabihaze ni mube mureka kudutesha umwanya. Kimwe gusa muriko muridigadiga. Le feu attire le feu. Nous sommes prêts à combattre contre tout groupement visant à déstabiliser notre chère patrie.

    RépondreSupprimer

Avis aux lecteurs,

Dans le soucis de préserver l'originalité des articles et le respect des auteurs ...
Dorénavant, ceux qui veulent faire des commentaires sur les articles sélectionnés par notre Webmaster sont priés de rédiger des articles et les envoyer via notre mail (bujanews@gmail.com) pour publication.
Fidèle à notre sens du partage de l'information, nous vous garantissons la publication de vos articles.

Merci de la bonne compréhension.

La Direction des Publications

Remarque : Seul un membre de ce blog est autorisé à enregistrer un commentaire.