jeudi 9 juin 2016

L'Honorable RADJABU Hussein reconfirme l'appartenance de CIMPAYE Pancrace au SNR

 PANCRACE CIMPAYE NA BAMWE BAMWE MURI CNARED BOBA BAFISE IBIBAZO KOKO N'UBUTEGETSI BWA PETERO NKURUNZIZA ?

N'ibibazo abarundi benshi batubaza. Aho abagumyabanga barazwa ishinga n’iyubahirizwa ry’amategeko baviriye icese muri CNARED atawe batutse,atawe barengeye akarimbi ata n'uwo basamaje hari abiyemeje guhangana n'abagumyabanga barazwa ishinga n’iyubahirizwa ry’amategeko .

Abo boba bahanganye koko n'ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza ?Nivyo abagumyabanga batubaza ni navyo abarundi benshi batubaza. 

Inyishu ni haba namba ! Ahubwo n'abashonje basabisha amazina y'abo ubutegetsi bufata nk'abansi. 

CNARED abagumyabanga barazwa ishinga n’iyubahirizwa ry’amategeko bayivuye mwo bavyize neza kandi hari abarundi batari bake babakeje kuri uwo mutima wo kudahendana.

INZANDIKO za CNARED zimeze nk'izerekana ko urugamba rwayo rwahindukiye ku bagumyabanga barazwa ishinga n’iyubahirizwa ry’amategeko. Inzandiko zabo zirtyozana abagumyabanga barazisoma cane kandi nta na kimwe gifasha uburundi kirimwo .Kubwabo ntawe bazogira umwansi kiretse uwokwerura agafasha Petero Nkurunziza kubandanya ahonyanga demokarasi mu Burundi. Ariko vyongeye bikenewe bazobashengeza mu Barundi ata marementanya nk'uko bamwe muri bo babigize nabo nyene ingendo .Nta bishasha birimwo ku bijanye n'inyifato bamwe bamwe muri bo bagiye baragira .

Ku bwacu abo ba Cimpaye hamwe botuvuga neza twoca twisuzuzuma twoba tugaragaye ko dutanguye guhemuka canke twamaze guhemuka. Ni navyo bibafasha ukubaho bitewe no GUSABISHA abandi. 

Ivyabo CNARED ibigize ivyayo izosanga yataye intumbero ndetse igwirize abansi n'uwo bafise abahanze. 

Pancrace Cimpaye igihe yagera amajanja yo guhungira muri MSD ava muri FRODEBU hari ivyo twashize ku rubuga rwa Facebook bivuye mu biro bijejwe amakuru mu ntumbero yo kuba turazitira ku bijanye n'ibikorwa yari yarahawe n'iperzreza "n'ivyo mubona " twnditse turi mw'ibohero twrereka uwo mugambwe ko amanyanga twari tuzi yarimwo tuzoguma tuyaharura ku gatwe kiwe atari ku mugambwe MSD yariko arondera kuja mwo kandi ko hatogira abo yiheka ko mu bwitso .

CNDD-FDD EPRIS DU RESPECT DE LA LOI IVUYE MURI CNARED SIVYO VYOTUMA HAGIRA ABATA UBWOKO MURI YO ! AHUBWO N'AKOKO BABA BASANGANYWE KAHAVUYE KISERURA KU MUGARAGARO .NTAWE BAZOSAMAZA MU BAGUMYABANGA.
  
Honorable Hussein Radjabu via facebook
 

5 commentaires:

  1. CNARED twari tuzi ko igiye gukora igikorwa ca opposition yahavuye ihinduka un parti sattelite ya CNDD-FDD ya le criminel Peter NKURUNZIZA . Reka Cimpaye murundi ntumuhore ubusa agira nkivy'abandi bose bagira batambira aho bihiye kuo badafise ico bemera .
    Ico nagomba kukunganira tudahendanye abantu nak Gervais RUFYIKIRI yahoze ari icegera ca kabiri ca President Nkurumbi , Bernard BUSOKOZA yahoze ari 1er vice president wa le genoidaire Peter . Pie Ntavyohanyuma yahoze atwara Parlement burundais uwitwa Onesime Nduwimana jewe natanguye kumwumva ashigikira leta ya le genocidaire Peter igihe havuka ikibazo ca Kiliba-Ondes uno musi ngo bari opposes a Peter . Jewe naho wobintera mu rushinge sinshobora kuvyemera . Nayo Minani son vrai surnom yitwa Cupide umweretse ahari amafaranga naho woyashirako amazirantoke arayatora akayahanagura agashira mu mupfuko ivyo ntubimuhore .Abo rero niko bamye ntubarenganye none wewe ugomba bakore ivyo badashoboye .
    Abo bareke uronderere ahandi abarundi b'umutima bariho . Mbega wewe ntiwamenye ko vyose babihereje i Helsinki ? Urazombanza nzokubwira . KANDI HARIHO UMUSHINGANTAHE W'IMVUGAKUri mudashaka guha urubuga ngo asubire ababwire ivya ako karanda CNDD-FDD kuko ariwe yatanguye urwo rugamba yitwa Manasse NZOBONIMPA kandi amatwi ansumira ntiyoba ari kure y'aho uri azokubwira kandi arafise umuti w'ako karanda CNDD-FDD nuko mwebwe abarundi mumenyereye kumviriza gusa abavugira hejuru nkuko abafaransa babivuga neza ngo ce sont les tonneaux vides qui font beaucoup de bruits .

    Komera ukobiri kose ukuri kuzoteba gutsinda

    Courage la victoire ou la mort TUROGORORA

    RépondreSupprimer
  2. I'm confused!!! Qui est contre qui et qui est pour qui??? Seul Dieu sauvera les burundais. Confions-nous a Lui et changeons nos mauvaises voies et IL se souviendra de nous. Nayo abasigaye on dirait que bafise ama interets personel. Umuntu azokwama ar'umuntu, n'abavukana bararyana bazize amatongo. Ikibazo c'Uburundi n'imitima yacu igwaye, and only God can heal and deliver us. 3 eme mandat yaje kugaragaza ukungene twikunda. Seigneur Jesus sauve-nous s'il te plait. Nous avons besoin de ta grace et ta misericorde. Pardonne-nous nos peches et change nos vies. Souviens-toi de tous ceux qui souffrent et console-les au Nom Puissant de Jesus, amen.

    RépondreSupprimer
  3. Imana turayemera n'ijambo ryayo turarizirikana . Ico nobwira abarundi babuze ivyo bakora bakirigwa bararirira Imana ngo ibatabare mbega ivyo yababwiye mwarabikoze . Soma mu gitabo c'Ingoma ya kabiri igice c'indwi umurongo wa 14 havuga ngo : Maz'abantu banje bitirigwa izina yanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje , bagahindkira bakareka ingeso zabo mbi , nuko nanje nzokwumva ndi mw'ijuru , mparire ivyaha vyabo , nkize n'igihugu cabo Amen . Imana rero ntaco ikorera ubusa ntibazoguhene ngo n'ubuntu bwayo gusa . Mbega uribuka aho bashiki ba Lazaro basaba Yesu ngo abazurire musaza wabo yari yaphuye yababwiye ngw'iki . Vyisomere muri Yohani 11 : 39 .Yababwiye ngo nmukureho ico kibuye nanje ndamuzura . None abo barundi bakoze iki kugira Imana ibatabare . NIVYO IZOBATABARA ARIKO NIMUBANZE MWIHANE MUKUREHO IVYO VYOSE BITUMA IMANA ITEBAGANYE KUBATABARA . Ndabacire agace nimwakomeza mukoresha ikinyoma ico nico IMANA YANKA CANE KUKO NICO CAZANYE ICAHA C'INYANDURUKO MW'ISI HAMWE INZOKA YABESHA EVA nawe akabesha umugabo wiwe isi yose ikavumwa . Abarundi mwahisemwo kuva kera kubeshanya komeza mubeshanye nimwaruha muzokwihana hama murabe ko Imana izoreka kubatabara

    Imana yo mw'ijuru ikomeze kba hafi y'inzirakarengane

    Mw'izina rya Yesu Amen

    RépondreSupprimer
  4. Severin BARACUNGANA14 juin 2016 à 17:59

    Chers Burundais et surtout politiciens burundais :veuillez retenir ceci : " L'INTERET RASSEMBLE LES GENS MAIS NE LES UNIT PAS"

    RépondreSupprimer
  5. Severin NTACCOBERA, ico ciyumviro cawe ndagishigikiye cane. Imana ntibesha kandi ntizigera ikorana n'abanyabinyoma. Izodukiza aruko twihanye vyukuri atari bimwe vy'ukwiyerurutsa no guhuma amaso amakungu. Nitwihane akabi kose no kubeshera abandi birimwo niho tuzogira amahoro mumitima yacu no mugihugu cacu.

    RépondreSupprimer

Avis aux lecteurs,

Dans le soucis de préserver l'originalité des articles et le respect des auteurs ...
Dorénavant, ceux qui veulent faire des commentaires sur les articles sélectionnés par notre Webmaster sont priés de rédiger des articles et les envoyer via notre mail (bujanews@gmail.com) pour publication.
Fidèle à notre sens du partage de l'information, nous vous garantissons la publication de vos articles.

Merci de la bonne compréhension.

La Direction des Publications

Remarque : Seul un membre de ce blog est autorisé à enregistrer un commentaire.